Uko wahagera

Somaliya: Bombe Yishe Batanu mu Gisagara ca Jowhar


Imodokari yasambuwe na Bombe i Mogadishu, muri Somaliya
Imodokari yasambuwe na Bombe i Mogadishu, muri Somaliya

Abantu batanu bishwe na bombe kuri uyu w’Imana hanze y’ihoteri muri Somaliya. Iki gitero cemejwe ko cakozwe n’umuhari w’iterabwoba Al-Shabaab ushamikiye kuri Al-Qaeda.

Igiporisi kivuga ko iyo bombe yakomerekeje abantu 14 isambura iyo hoteri hamwe n’izindi nyubakwa zihegereye, mu gisagara ca Jowhar, kiri ku birometero 90, mu buraruko bw’umurwa mukuru Mogadishu.

Igiporisi cavuze ko abateye bari mu modokari yari yuzuye amabombe muri iyo hoteri yitwa Nur-doob, ikunzwe guhurumbirwa n’abashingamateka hamwe n’abategetsi bo muri ako karere.

Abategetsi bavuze ko ico gitero cari igikomeye kitari bwigere kibaho mu gisagara Jowhar kandi cononye ibitari bike kuri izo nyubako muri ico gisagara.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG