Uko wahagera

Igitero ca Bombe Cahitanye Abarenga 5 muri Somaliya


Umwihevyi yahiga bisi yuzuye intumwa zijejwe gutora abashingamateka muri Somaliya, yaturikije bombe uno musi ku wa kane ihitana abantu batari musi ya 6 ku murwa mukuru, Mogadisho.

Vyabaye mu gitondo c’uno musi ku wa kane igihe bisi yari itwaye izo ntumwa zijejwe gutora abashingamateka yari irenganye igice c’amasanganzira kirimwo uruja n’uruza rukomeye rw’imodoka n’abantu, kw’ibarabara rijana ku ngoro y’umukuru w’igihugu ku murwa mukuru, Mogadisho.

Umurwi al-Shabab, ukorana n’umurwi al-Qaida, watangaje ko ari wo wakoze ico gitero. Umenyesha ko wishe intumwa 6 n’abapolisi 5. Yamara umwe muri izo ntumwa avuga ko abari muri bisi yari ibatwaye ataco babaye.

Abdiasis Abu Musab, umuvugizi w’umurwi al-Shabab, mu bijanye n’ibikorwa vya gisirikare yatangaje ko umwiyahuzi yakoze igitero ku modoka zari zitwaye abakorera reta, ko ico gitero cahiga intumwa zijejwe gutora abashingamateka.

Amatora y’abashingamateka muri Somalia yatanguye kw’italiki imwe y’ukwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka urangiye w’i 2021. Ico gitero kuri izo ntumwa gishobora kuba ikindi kibazo kigeramiye amatora.

Gushika ubu abashingamateka 124 ku 275 nibo bamaze gutorwa, hisunzwe ibiharuro bishikirizwa n’umurwi w’igihugu ujejwe amatora. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG