Uko wahagera

Somaliya: Bombe y'Umwiyahuzi Yishe Abantu Bane i Mogadishu


Abasirikare ba Somaliya Bahagaze ahabereye igitero ca bombe

Abantu bashika kuri bane bishwe abandi icenda barakomereka kuri uyu wa kabiri, igihe umwiyahuzi yiturikirizako bombe muri resitora idandarizwamwo ikinyobwa c’ikawa hafi y’ikambi y’abasirikare ku murwa mukuru wa Somaliya. Ibi vyavuzwe n’abategetsi b’igiporisi hamwe n’abandi bavyiboneye.

Intwazangabo ikorera ku kigo c’igiporisi cegereye ahabereye ico gitero, Abdirahman Adan, yavuze ko uwo mwiyahuzi yinjiye muri resitora idandaza ikinyobwa c’ikawa aca yiturikirizako ico gisasu yari yambariyeko.

Umuhari w’iterabwoba Al-Shabaab wiyemereye ko ari wo wabikoze. Wavuze ko wagomba gutera abasirikare ba Somaliya bari mu myimenyerezo bariko barahabwa n’inteko za Turukiya mu kigo co hafi y’iyo resitora.

Abavyiboneye bavuze ko iyo resitora ikunze guhurumbirwa n’abasirikare bakorera ku birindiro biri hafi.

Iki gitero kibaye haciye imisi ibiri umuvugizi wa reta ya Somaliya arusimvye, inyuma yo gukomerekera mu gitero ca bombe cakozwe na Al-Shabaab i Mogadishu.

@ AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG