Uko wahagera

Bombe Yatezwe mu Modoka i Mogadisho muri Somaliya Yahitanye 8


Ahagabwe igitero i Mogadisho
Ahagabwe igitero i Mogadisho

Bombe yari yatezwe mu modoka ku murwa mukuru wa Somaliya, Mogadisho, yaturitse ihitana abantu 8. Iyo bombe yaturikiye kw’ibarabara rijana ku kibuga c’indege co ku murwa mukuru uno musi ku wa gatatu. Ivyerekeye uwakoze ico gitero ntivyamenyekanye buno nyene.

Osman ari mu babonye ivyabaye avuga ko yiboneye ubwiwe ibiziga vy’abantu 9. Yamara Abdikadir Abdirahman, ayoboye ishirahamwe rya za rusesabaniha ryitwa, Aamin, we atanga igitigiri c’abantu 8 bapfuye.

Imbere yaho umumenyeshamakuru afata amafoto w’itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, amenyesha ko yabonye ibiziga vy’abantu 4 n’imodoka 4 zononekaye, mu gihe Ahmed Nur afise imangazini iri hafi y’aho iyo bombe yaturirkiye atangaza ko yabonye n’imiburiburi ibiziga vy’abantu 5.

Muri kahise, umurwi al-Shabab ukorana n’umurwi al-Qaida wariyitiriye ibitero nk’ivyo. Uyo murwi urondera gutembagaza reta ugashiraho iyigendera ku mategeko y’idini rya kiyislamu. Urakora kenshi ibitero ukoresheje inkoho n’amabombe ku nteko zijejwe umutekano no mu bibanza vya reta, canke mbere no ku basivile. Uyo murwi kandi urakora ibitero ku nteko zijejwe gucungera umutekano z’umuryango w’ubumwe bwa Afrika. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG