Uko wahagera

Somaliya: Umuvugizi wa Reta Yasimvye Urupfu ku Ncuro ya 4


Umuduga wa Mohamed Ibrahim Moalimuu wagabweko igitero
Umuduga wa Mohamed Ibrahim Moalimuu wagabweko igitero

Umuvugizi wa Reta ya Somaliya, Mohamed Ibrahim Moalimuu, yakomerekeye mu gitero ca bombe al-Shabab yagavye ku muduga wiwe.

Ababonye uko ivy’iki gitero vyagenze, bavuze ko umwiyahuzi yagerageje kwegamira umuduga wa Moalimu hama aturitsa bombe yakomerekeje n’abandi bantu babiri. Al-shabab yiyemereye ko ari yo yagavye ico gitero.

Mohamed Ibrahim Moalimuu hambavu yo kuvugira Reta ya Somaliya, ni umuhanuzi w’umushikiranganji wa mbere. Yahoze ari umumenyeshamakuru wa Radiyo y’abongereza, BBC, n’umunyamabanga mukuru w'urunani rw'abamanyeshamakuru bo muri Somaliya, UNSOJ.

Moalimuu amaze gusimba ibitero bigera kuri bitatu vy’aba Al-shabab birimwo ivyo uwo murwi wagaba ku ma hoteri yaba abako. Igitero ca nyuma yarokotsemwo cari ico mu 2019. Ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Moalimuu yanditse avuga ko yarokotse ku gihamana, yibuka ikindi gitero gikomeye yasimvye mu 2016.

Umushikiranganji wa mbere wa Somaliya nawe yemeje ko aba al-shabab bari bagamije kwica Mohamed Ibrahim Moalimuu, yongera ahumuriza avuga ko ataremvye cane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG