Uko wahagera

Igitero c'Indege c'Amerika Cishe Aba Al-Shabaab 13 muri Somaliya


Abarwanyi ba al-Shabab i Mogadishu, muri Somaliya.
Abarwanyi ba al-Shabab i Mogadishu, muri Somaliya.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Reta zunze ubumwe za Amerika bwavuze kuri uyu wa gatatu ko igisirikare ca Amerika cishe abarwanyi 13 ba al-Shabaab mu gitero c’indege cakoze muri Somaliya.

Ico gitero cabaye kw’itariki ya 14 y’uku kwezi kwa munani, hafi y’i Teedaan mu bumanuko bw’igihugu, igihe abarwanyi ba al Shabaab batera igisirikare ca Somaliya.

Igisirikare ca Amerika kivuga ko ata basivile bishwe canke bakomeretse muri ico gitero. Mu ndwi iheze, abasirikare ba Amerika barishe kandi abarwanyi ba al Shabaab mu gitero cabaye muri iyo ntara nyene. Al-Shabaab, imaze imyaka 15 igaba ibitero ku basirikare ba reta yica n’abanyagihugu.

Mu kwezi kwa gatanu, Perezida Joe Biden yetegetse ko igisirikare ca Amerika muri Somaliya gisubira gufasha abasirikare ba Somaliya kurwanya Al-Shabaab. Uwo yasubiriye Donald Trump yari yategetse ko abasirikare ba Amerika bava muri Somaliya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG