Uko wahagera

RDC: ADF Ikekwa Kwica Abantu 10 Hafi y'Urubibe na Uganda


Ikiziga c'umuntu yishwe mu gitero c'abarobeli bakekwa kuba aba ADF muri Beni, kw'itariki ya 16/04/2015
Ikiziga c'umuntu yishwe mu gitero c'abarobeli bakekwa kuba aba ADF muri Beni, kw'itariki ya 16/04/2015

Ibombe yishe abantu bashika kuri 10 ikomeretsa abandi 35, mw’isengero, mu buseruko bwa Repuburika ya demokarasi ya Kongo kuri uyu w’Imana. Ico gitero cegekwa ku bakekwa kuba intagondwa z’abayisilamiste.

Umuvugizi w’igisirikare ca Kongo, Antony Mualushayi, yavuze ko igikorwa c’iterabwoba cabereye kw’isengero rya Pentekote riri mu gisagara ca Kasindi, muri Kivu y’uburaruko, kiri ku rubibe na Uganda. Yavuze ko ibi bitigiri bikiri ivy’imfatakibanza.

Ariko umuvugizi w’igisirikare ca Uganda, kiri mu bikorwa vyo kugarukana umutekano muri RDC, Bilal Katamba, yavuze kuri uyu w’Imana ko abantu 16 bishwe mur’ico gitero, abandi 20 barakomereka. Yavuze kandi ko iyo bombe ikekwa kuba yatewe n’umuhari w’iterabwoba ADF, abarwanyi bawo bamuka muri Uganda.

Umushikiranganji wa Kongo ajejwe kumenyeshamakuru, nawe yanditse ku mbuga hwaniro ko ico gitero cakozwe na ADF, ishami ry’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu muri Afrika yo hagati.

ADF ni umwe mu mihari y’abicanyi irenga 120 ikorera mu buseruko bwa Kongo

Prezidansi ya Kongo hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU biyamirije ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG