Uko wahagera

RDC: Abarwanyi ba ADF Bishe 13 muri Beni


Abarwanyi b’umuhari w’iterabwoba, ADF, barishe abantu 13, barimwo abasirikare ba reta batatu, mu gitero bakoze mu buseruko bwa Repuburika ya demokarasi ya Kongo.

Abategetsi bavuze ko ADF yateye igisagara ca Beu-Manyama kiri mu ntara ya Beni, mw’ijoro ryo ku musi w’Imana.

Umukuru wa sosiyete civile muri ako gace, Kinos Katuo, yavuze ko hapfuye abantu 13 mu biharuro vy’imfatakibanza. Avuga kandi ko harimwo umusirikare wa reta w’ipete rya komanda.

Umuvugizi w’igisirikare ca Kongo ntaco yashimye kubwira itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, kuri ico gitero, ariko avuga ko igisirikare ca reta catanye mu mitwe n’abakora iterabwoba.

Umuhari w’iterabwoba ADF wagirizwa urupfu rw’ibihumbi vy’abasivile b’abakongomani hamwe no kugaba ibitero mu gihugu kibanyi Uganda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG