Uko wahagera

DRC: Abasivile Bagera ku 40 Bishwe n'Abarwanyi


Zimwe mu modoka zigeze guturirwa na ADF muri kahise
Zimwe mu modoka zigeze guturirwa na ADF muri kahise

Abikekwa ko ari abarwanyi b'umurwi “Allied Democratic Forces, ADF”, mu mpfunyapfunyo, barishe abasivile batari musi ya 40 mu bitero bakoze mu mihana mu buseruko bwa Republika ya demokrasi ya Congo.

Christophe Munyanderu, ayoboye ishirahamwe rijejwe agateka ka muntu muri ako karere, yatangaje ko abarwanyi b’umurwi ADF bagandaguye abagabo, abapfasoni n’abana barenga 40 mu mihana y’ahantu hatanu kuva ku musi wa kane w’indwi irangiye. Avuga ko ivyo vyabaye abategetsi baho babibona, kandi ata na kimwe bakoze mu gutesha ubwo bwicanyi.

Abo barwanyi b’umurwi ADF, bakoze ibitero ubwa mbere mu banyagihugu baturuka mu mihana iri mu ntara ya Kivu yo mu buraruko bari binjiye mu ntara bihana urubibe ya Ituri kurondera ubutaka bwo kurima hafi y’uruzi Ituri kw’italiki 25 y’ukwezi kw’umunani.

Igisirikare ca Congo nticishuye buno nyene igihe itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, ryagisaba kugira ico kivuze kuri ivyo bitero vy’umurwi ADF.

Ibitero vyiyongereye, vyaratumye reta ishiraho amategeko yo mu bihe bidasanzwe mu karere ka Ituri no mu ntara ya Kivu yo mu buraruko mu kwezi kwa kane mu mwaka w’i 2021. Yamara umutekano warabandanije guhungabana kurushiriza ku ntwaro y’igisirikare muri utwo turere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG