Uko wahagera

RDC: Abarobeli ba ADF Bishe Abasivile 6 muri Ituri


Abavukanyi bagiye gushingura uwishwe n'igitero ca ADF mu mihana y'i Mbau hafi ya Beni, mu buraruko bw'intara ya Kivu, RDC, kw'itariki ya 21/10/2014.
Abavukanyi bagiye gushingura uwishwe n'igitero ca ADF mu mihana y'i Mbau hafi ya Beni, mu buraruko bw'intara ya Kivu, RDC, kw'itariki ya 21/10/2014.

Igisirikare muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo cavuze ko abarobeli bishe abasivile batandatu mu buseruko bw’igihugu. Ni mu gihe ico gisirikare kivuga ko uwundi murwi w’abitwaje ibirwanisho, wa M23, wagirizwa gutera urugomero rw’umuyagankuba rukiriko rurubakwa.

Umuvugizi w’igisirikare ca Kongo, Jules Ngongo, yavuze ko umuhari witwaje ibirwanisho, ADF, wishe abo bantu mu mihana y’i Lowa, mu ntara ya Ituri ku mugoroba wo ku musi wa kabiri.

Igisirikare kivuga ko cashoboye kubohoza abandi bantu 15 umuhari ADF wari waranyuruje, cica umwe muri abo barobeli n’abandi batatu cafashe.

Ikigo ca Kongo kijejwe gukingira amashamba, kuri uyu wa gatatu cavuze ko hagabwe igitero ku rugomero rushasha rw’i Rwanguba rukiriko rurubakwa mw’ishamba cimeza rya Virunga. Abanyagihugu baba muri ako karere bavuze ko ivyo bisasu vyavuye mu karere kagenzurwa na M23.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG