Uko wahagera

DRC: Abarwanyi Bishe Abasivile Bagera ku 14


Bamwe mu basirikare ba Kongo
Bamwe mu basirikare ba Kongo

Abikekwa ko ari abarwanyi b’abayislamu b’umurwi, Alllied Democratic Forces, ADF, mu mpfunyapfunyo, bishe abasivile bahika 14 mu buseruko bwa Republika ya demokrasi ya Congo.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu ryo mu buseruko bwa Republika ya demokrasi ya Congo ryamenyesheje uno musi ku wa gatatu ko abo barwanyi banyuruje abandi batari bake mu kindi gitero bakoze.

Umuvugizi w’igisirikare ca Congo, Antony Mwalushayi, yemeje ico gitero cabereye mu ntara ya Ituri ku muhigamo wo ku musi wa kabiri. Acagiriza umurwi ADF. Amenyesha ko igisirikare cishe abarwanyi b’umurwi ADF batanu, congera gitabara umwana w’umukobwa w’imyaka itanu. Ntiyatanze igitigiri c’abasivile bishwe.

Gilbert Sivamwenda, ayoboye ishirahamwe rijejwe agateka ka muntu mu karere ka Babila Babombi mu ntara ya Ituri, yatangaje ko abantu 16 bishwe ahitwa Biakato. Mu bishwe harimwo abasivile 14 n’abarwanyi 2 b’umurwi ADF. Sivamwenda avuga ko irengero ry’abarimyi 15 ritazwi mu gihe abandi bantu batari bake badashobora gutorwa kandi batitaba amatelefone yabo.

Augustin Kyala Malembe, aba mu gice ca Biakato, avuga ko igitero c’abarwanyi b’umurwi ADF cari giteye ubwoba. Amenyesha ko basahuye imangazini yiwe imbere y’uko banyuruza abantu batanu bo mu muryango wiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG