Reta y’Uburundi yatangaje ko uburaruko bw'umurwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura bugeramiwe n'ikiza ca kolera. Ahabangamiwe kurusha ahandi ni muri zone ya Kinama.
Mw’itangazo yasohoye mw’ijoro ryo kuri uno wa Mungu, umushikiranganji w’amagara y’abantu mu Burundi, Dr Sylvie Nzeyimana yemeje ko ubu ingwara ya kolera ifatwa nk’ikiza mu karere k’ubuvuzi ko mu buraruko bw’umurwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura.
Ku bw’umushikirangaji Nzeyimana, imvura y’umurengera imaze imisi igwa I Bujumbura igatuma ubwiherero mu mazu menshi bwuzura bugasebura ni yo yatumye ico kiza.
Turetse I Bujumbura, no muri komine Rugombo mu ntara ya Cibitoke haravugwa kolera. Ahabangamiwe kurusha ahandi ni mu gace ka Mparamba ya mbere. Abanyagihugu baho baganiriye n’Ijwi ry’Amerika batubwiye ko ahanini ubukene bw’amazi ari yo ntandaro y’iyo ngwara. Bavoma amazi y’uruzi bita Nyakagunda bakayakoresha mu kwikunura mu mirimo yose.
Muri izi ndwi zibiri ziheze, abantu bagera kuri 15 ni bo bamaze kwakirwa mu kigo kijejwe kuvura kolera mu Rugombo nk’uko abajejwe intwaro bavyemereye Ijwi ry’Amerika. Mugabo ubushikiranganji aho ntiburavuga ko iyo ngwara ifatwa nk’ikiza.
Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya.
Facebook Forum