Uko wahagera

MSF Iragabisha Ikiza ca Kolera i Goma


Abanyagihugu bahunga ikirunga ca Nyiragongo I Goma, muri Kivu y'Uburaruko, kw'itariki ya 23/05/2021
Abanyagihugu bahunga ikirunga ca Nyiragongo I Goma, muri Kivu y'Uburaruko, kw'itariki ya 23/05/2021

Ibihumbi amajana vy’abanyagihugu bahunze ibirunga mu gisagara ca Goma muri Repubulika ya demokarasi ya Congo bashobora kwinjiranwa n’ikiza ca Kolera. Ishirahamwe ry’Abafaransa ry’abaganga batagira imbibe, MSF, ryagabishikirije kuri uyu w’Imana.

Inyuma y’aho ikirunga ca Nyiragongo gitereye, mu ndwi zibiri ziheze, ubwoba bw’ikindi kirunga ca kabiri bwatumye reta isaba abanyagihugu barenga 400 000 guhunga. Bamwe bahungiye mu gisagara ca Sake, ku birometero hafi 30 mu buraruko bushira uburengero, mu gihe abandi bahungiye muri Rutshuru mu buraruko, abandi muri Minova mu bumanuko bw’intara ya Kivu y’ubumanuko.

Muri Sake, aho MSF imaze imyaka irwanya Kolera, iryo shirahamwe rivuga ko abantu bari hagati y’i 100 000 n’180 000 bahungiyeyo, biyongera ku banyagihugu 70 000 basanzwe bahaba.

Magali Roudaut, arongoye MSF i Goma yavuze ko ikibazo kinini ari ubukene bw’amazi. Benshi mu bakuwe mu ngo zabo basavye indaro mu masengero, imisigiti no mu bigo vyo muri ako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG