Uko wahagera

Abanyagihugu Ibihumbi n’Ibihumbi Bariko Barahunga Igisagara ca Goma


Abanyagihugu bo mu gisagara ca Goma bafise ubwoba ko ibirunga vyo ku musozi Nyiragongo bisubira gucira imiriro nk’uko vyagenze mu ndwi iheze mu micungaro y’ico gisagara.

Uruja n’uruza rw’imodoka n’abantu rwari intavanako. Abanyagihugu bari buzuye amabarabara bagerageza guhunga ivyo birunga bishobora kwaduka umwanya uwo ari wo wose, nk’uko vyatangajwe na bulamatari w’intara ya Kivu ya ruguru, Lt. Gen. Constat Ndima Kongba.

Abatuye igisagara ca Goma basabwe gutekera ibintu bike bishobotse hamwe no kutagaruka mu ngo zabo, batabanje kuronka amakuru y’abategetsi ababwira gutahuka.

Abategetsi babwiye abanyagihugu kandi ko hari imodoka zategekanijwe kubafasha kuva muri ico gisagara.

Benshi mu banyagihugu bariko barahunga igisagara ca Goma, bariko bagana uburaruko bushira uburengero, berekeza igisagara ca Sake hamwe n’ubuseruko, baja mu Rwanda.

Amashirahamwe mpuzamakungu arimwo ONU yoyo yatanguye guhungisha abakozi bayo kuva ejo ku musi wa gatatu.

Umusozi Nyiragongo, uzwi kw’isi hose kubera wama waciriye imiriro y’ibirunga, waragisibije ku musi wa gatandatu mw’ijoro, igihe warungika imiriro mu micungararo y’ikiyaga ca Kivu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG