Uko wahagera

OMS Izoba Iratanga Doze Imwe y'Urucanco rw'Ukwirinda Kolera


Kolera Yadukora ahantu hatari isuku ihagije

Ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS ryatangaje uno musi ku wa gatatu ko rizoba rirahagaritse mu kiringo gitoyi doze zibiri zari zisanzwe zitangwa z'urucanco rw'ukwirinda indwara ya Kolera. Rizotanga ahubwo doze imwe bivuye ku kubura kw'izo ncanco n'ukwiyadukiza kwa Kolera gutera kwiyongera kw'isi.

Ishirahamwe ONU ryatangaje ko iyo ngingo idasanzwe yerekana ikibazo gikomeye c’uko incanco zihari mu bubiko muri iki gihe zidahagije. Ni mu gihe ibihugu nka Hayiti, Siriya, na Malawi biriko bihangana n’ibitigiri binini cane vy’abandura kolera yandukira biciye mu mazi n’ibifungurwa vyanduye.

Gushika kw’itariki 9 z’uku kwezi kw’icumi, Hayiti yemeje abantu 32 banduye kolera hamwe na 18 bahitanjywe n’iyo ndwara. Abandi bantu batari bake baracirindiye kwemezwa ko banduye umugera utera iyo ndwara.

Ishirahamwe OMS ryatangaje uno musi ku wa gatatu ko ingingo yaryo y’ukuba rirahagaritse gutanga dose 2 z’urucanco rw’ukwirinda kolera bizotuma doze z’urwo rucanco zikoreshwa mu bindi bihugu kurushiriza. Ni mu gihe ukwiyadukiza kwa kolera kuriko kuriyogngera mu bice bice bitandukanye vyo kw’isi.

Ishirahamwe OMS rivuga ko doze imwe y’urucanco rw’ukwirinda kolera yerekanye ko ikora neza mu mugambi w’ukwishura ku kwiyadukiza kw’iyo ndwara. Naho ikiringo c’ugukingira abantu iyo ndwara gifise aho kigarukira kandi bisa n’uko ico kiringo ari gitoyi kurushiriza ku bana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG