Uko wahagera

Abashinwa 7 Bari Baranyurujwe muri Nijeriya Babohojwe


Umushinwa yariko aracukura ubutare muri reta ya Zamfara muri Nijeriya
Umushinwa yariko aracukura ubutare muri reta ya Zamfara muri Nijeriya

Abategetsi muri Nijeriya bavuze ko abashinwa indwi bariko barakurikiranwa n’abaganga kuri uyu wa mbere, inyuma y’ukubohozwa mu minwe y’abari bamaze amezi hafi atandatu barabanyuruje. Abasirikare ba Nijeriya babakuye mu vyara vy’ababanyurujwe mu mpera z’indwi iheze muri reta ya Kaduna, hagati muri Nijeriya.

Umuvugizi w’igisirikare kirwanira mu kirere, Gabriel Gabkwet, yavuze ko abo bashinwa bakuwe mu turere twa Kanfani Doka na Gwaska muri iyi reta, mu gitero cakozwe mw’ijoro. Yavuze ko abari barabanyuruje babataye, basiga n’ibirwanisho vyabo. Bari babamaranye amezi arenga atanu. Babakuye i Shiroror, mu kibanza bacukuramwo ubutare cegukira reta ya Nijeri.

Igihe abo bashinwa baterwa mu kwezi kwa gatandatu, abajejwe umutekano 22 barimwo umuporisi hamwe n’umusirikare barahasize ubuzima.

Nijeriya imaze imyaka irenga 13 irwanya Boko Haram hamwe n’iyindi mihari y’iterabwoba mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu. Abantu hafi 300,000 baramaze kwicwa muri ivyo bitero.

Abategetsi bavuga ko bariko kandi barakora kugira bahagarike ingeso bunyamaswa yo kunyuruza abantu babavyaza amafaranga mu zindi ntara z’igihugu.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG