Abategetsi ba Iraki bariko batunga urutoke umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu kuba ari wo wakoze igitero co kuri uyu w’Imana cishe abaporisi icenda mu ntara ya Kirkuk iri mu buraruko.
Ikimenyeshamakuru cegukira reta ya Iraki canditse ko ibombe yaturikije imodokari y’abaporisi bari mu bikorwa vyo gukizura mu bumanuko bw’iyo ntara. Iyo bombe yakurikijwe n’amasasu igihe abagabo bitwaje inkoho, bacuditse na ISIS, batereye iyo modokari.
Nta muhari wigamvye ico gitero, ariko abajejwe umutekano ba Iraki babwiye ibimenyeshamakuru vyo muri ako karere ko abarwanyi b’umuhari ISIS bari inyuma yaco.
Naho uwo muhari watsinzwe muri rusangi muri Iraki, ibisigarira vyawo biracigaragaza mu ntara zitari nke zo mu buraruko bwa Iraki.
Ibimenyeshamakuru vyavuze ko ku musi wa gatatu, umusirikare wa Iraki w’intwazangabo hamwe n’abandi babiri bishwe n’igisasu catezwe mu kuzimu, caturikije imodokari barimwo mu buraruko bw’umurwa mukuru Baghdad.
@VOA
Facebook Forum