Uko wahagera

Abantu 12 Baraguye mu Myiyerekano i Baghdad muri Iraki


Abayoboke b'umutegetsi akomeye cane w'idini ry'abayislamu b'Abashiite muri Iraki, Moqtada Sadr bazibiye amabarabara mu gisagara ca Basra, kw'itariki ya 29/08/2022.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres kuri uyu wa mbere yateye akamo abanya-Iraki, asaba impande zishamiranye gutekana. Ni inyuma y’aho abantu 12 bari mu myiyerekano barasiwe bariko bagerageza kwinjira mu nyubako za reta ku murwa mukuru Baghdad.

Umuvugizi wiwe, Stephane Dujarric, yavuze ko ariko akurikiranira hagufi urwo ruhagarara, asaba ko iyo myiyerekano ihagarara nyabuna hakaba ibiganiro vyubaka.

Igice co ku murwa mukuru Baghdad kizwi ko gisanzwe gicungerewe cane, cabayemwo imyiyerekano kuri uyu wa mbere, inyuma y’aho umutegetsi akomeye cane w'idini ry'abayislamu b'Abashiite muri Iraki, Moqtada Sadr, avugiye ko avuye muri poritike.

Iraki imaze igihe mu cuka kibi ca poritike catumye gushika ubu igihugu kimaze amezi kitararonka reta nshasha, umushikiranganji wa mbere canke umukuru w’igihugu. Bigiye kwunyurwa n’aho abanywanyi ba Sadr bagumukiye bakavogera igice ca Baghdad, ahakorera reta kuri uyu wa mbere, inyuma y’itangazo ry’iyo ndongozi yabo.

Amakuru ava mu bajejwe umutekano avuga ko mu masaha y’umugoroba hatewe ibisasu indwi muri ico kibanza gicungerewe cane, ahari inyubako za reta na za ambasade.

Ntihashotse hamenyekana uwuri inyuma y’ivyo bitero, vyakurikiwe n’amasasu y’inkoho yarashwe muri ico kibanza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG