Uko wahagera

Moqtada Sadr Yahevye Politike


Moqtada Sadr, umutegetsi akomeye cane w'idini ry'abayislamu b'Abashiite muri Iraki
Moqtada Sadr, umutegetsi akomeye cane w'idini ry'abayislamu b'Abashiite muri Iraki

Moqtada Sadr, umutegetsi akomeye cane w'idini ry'abayislamu b'Abashiite muri Iraki yatangaje uno musi ku wa mbere ko ahevye politike. Ni inyuma y'uko igihugu kimaze hafi y'umwaka kitagira reta nshasha.

Moqtada Sadr yabitangaje ku rubuga Twitter, aho yavuze ko inzego zose zifitaniye isano n’umuhari wiwe, “Mouvement Sadriste” zizokwugarwa, kiretse intatemwa ya se wiwe, yagandaguwe mu mwaka w’i 1999.

Sadr yatangaje ko yafashe ingingo yo guhagarika burundu kwivanga muri politike. Yaragize uruhara mu kiringo kitari gito muri politike ya Iraki naho ubwiwe atigeze aja muri Reta mu buryo bugaragara.

Ivyo Sadr yatangaje bibaye imisi ibiri inyuma y’uko avuze ko imigambwe yose harimwo uwiwe yotegerezwa guheba ibibanza ifise muri reta kugira bifashe gutorera inyishu ibibazo vya politike bimaze amezi atari make mu gihugu.

Kuva habaye amatora y’abashingamateka mu kwezi kw’icumi mu mwaka uheze, ibibazo vya politike vyaratumye igihugu kitagira reta nshasha, umushikiranganji wa mbere canke umukuru w’igihugu, bivuye ku kutumvikana hagati y’imirwi itandukanye ku bijanye n’ugushiraho urunani hagati yayo.

Abashigikiye Mqtada al-Sadr basavye ko inama nshingamateka isamburwa hakaba amatora mashasha. Ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije, al-Sadr yavuze ko bikenewe cane ko impande zose zagize uruhara muri politike kuva Reta zunze ubumwe za Amerika ziyoboye urunani rwateye Iraki mu mwaka w’i 2003 zihagarika gusubira kugira uruhara muri politike, harimwo umuhari wiwe, “Mouvement Sadriste”.

Yatangaje ko yiteguriye gutera igikumu ku masezerano yerekeye iyo ngingo mu masaha 72. Moqtada al-Sadr, umumenyeshabutumwa w’idini ry’abayislamu b’Abashiite muri Iraki afise abantu imiliyoni n’imiliyoni bamushigikiye. Yagiye arahindagura aho ahagaze muri politike mu kiringo c’imyaka itari mike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG