Uko wahagera

Umukuru wa ISIS Yarishwe muri Siriya


ISIS
ISIS

Umuvugizi w’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu yavuze ko umukuru wawo Abu al-Hassan al-Hashimi al-Qurayshi aheruka kwicirwa ku rugamba mu misi iheze. Uwo muvugizi nta makuru arenze ayo yatanze mu butumwa bwa bw’ijwi yatanze kuri uyu wa gatatu.

Al-Qurayshi abaye umutegetsi wa ISIS agira kabiri yishwe muri uyu mwaka. Ni mu gihe uwo muhari w’iterabwoba wariko urongera kwivyukiranya mu kugaba ibitero bito bito muri Iraki na Siriya.

Igisirikare ca Amerika cavuze ko yishwe hagati mu kwezi kwa cumi, mu gitero cakozwe n’abarobeli bo muri Siriya, mu ntara ya Daraa, mu bumanuko bw’igihugu. Ntibirasobanuka igituma urupfu rwiwe rutangajwe kuri uyu wa gatatu, haheze ukwezi kurenga yishwe.

Nta vyinshi vyari bwamenyekane kuri al-Qurayshi, kuva aho afatiye uburongozi inyuma y’urupfu rw’uwo yasubiriye, Abu Ibrahim al-Hashimi al-Qurayshi. Uyo yiciwe mu gitero cakozwe na Amerika mu kwezi kwa kabiri, mu buraruko bushira uburengero bwa Siriya.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG