Igisirikare ca Reta zunze ubumwe za Amerika cavuze ko cakoze ibitero bibiri vy’indege ku barwanyi ba al-Shabab muri reta ya Hirshabelle muri Somaliya, bihitana abarwanyi 15.
Mw’itangazo cashikirije, igisirikare ca Amerika kiri ku mugabane wa Afrika, AFRICOM, kivuga ko ivyo bitero cabikoze mu magenekerezo ya 14 na 17 y’uku kwezi kwa cumi na kabiri mu micungararo y’igisagara ca Adale kiri ku nkengera z’ibahari.
Ibi bitero vyasabwe na reta ya Somaliya, kandi vyakunze kubwo gukorera hamwe n’igisirikare ca reta. Igisirikare ca Amerika kuri uyo mugabane cavuze ko ata musivile yakomeretse canke ngo ahasige ubuzima.
Reta ya Somaliya ku ruhande rwayo yatangaje kw’itariki ya 15 y’uku kwezi kwa cumi na kabiri ko yateye al-Shabab mu bigwati vya Juhay na Gulane muri reta ya Hirshabelle. Yavuze ko aba al shabab 88 bishwe mu masaha 48 ivyo bitero vyamaze, ifashijwe n’ibihugu ifitanye ubucuti mu vya gisirikare.
Reta ifadikanije n’abayagihugu biyemeje kurwanira igihugu, imaze igihe irwanira mu ma reta ya Hirshabelle na Galmudug kuva mu kwezi kwa munani.
Abajejwe umutekano ba Somaliya bavuze ko Amerika atari yo yonyene iriko irafasha mu bitero vyo mu kirere. Umutegetsi mu gisirikare ca Somaliya atashatse ko amazina yiwe amenyekana kumvo z’umutekano wiwe, yabwiye Ijwi ry’Amerika mu kwezi guheze ko n’indege za Turukiya zo mu bwoko bwa drone ziriko zirafasha igisirikare ca Somaliya.
@VOA
Facebook Forum