Uko wahagera

Inteko Za Somaliya Zigaruriye Uduce Twari Twarafashwe n'umurwi al-Shabab


Prezida Hassan Sheikh Mohamud
Prezida Hassan Sheikh Mohamud

Abasirikare ba Reta ya Somaliya n'abarwanyi bicuditse batujije abarwanyi b'umurwi al-Shabab mu gisagara gikomeye kiri hagati mu gihugu uwo murwi wari wigaruriye mu kiringo c'imyaka itandatu.

Iyo nkuru yatangajwe uno musi ku wa kabiri n'abategetsi ba Somalaiya n’ab'umuryango w'ubumwe bwa Afrika.

Reta ya Somaliya ishigigkiwe n’inteko z’umurwango w’ubumwe bwa Afrika n’abarwanyi baserukira imiryango iri mu gihugu, yatangaje ko yishe abanywanyi b’umurwi al-Shabab bagera ku 700, yongera bigarurira ibice bitari bike mu bikorwa vya gisirikare imazemwo amezi atari make bigenewe gutuza abarwanyi ba al-Shabab mau bice bitari bike vya Somaliya bigaruriye.

Muhamud Hasan Mahamud, umukuru w’igice ca Adan Yabal mu ntara ya Middle Shabelle, iri hagati mu gihugu, yatangaje ko igisirikare ca reta n’abarwanyi bagishigikiye bigaruriye ico gisagara n’igice kiri mu micungararo yaho ata ngorane bagize ku musi wa mbere.

Ico gice ca Adan Yabal gifitiye akamaro gakomeye cane umurwi al-Shabab kubera gihuza intara zo hagati muri Somaliya n’ubumanuko bw’igihugu. Nico gice kandi uwo murwi wakoresha kugira ugenzura izo ntara zo hagati mu gihugu.

Muhamud Hasan Mahamud, avuga ko inteko za Reta ya Somaliya zinjiye muri ico gice kiri ku bilometero bigera ku 240 mu buraruko bushira ubuserurko bw’umurwa mukuru, Mogadisho. Muri iki gihe ziriko zikuraho amabombe ategrwa abantu bita mine muri ico gice.

Prezida wa Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud, atangaza ko abarwanyi ba al-Shabab bakoresheje abanyagihugu baho nk’inkinzo bongera barasambura inyubako zaho. Abavugizi ba al-Shabab ntibabsonetse buno nyene kugira bagize ico bavuze kw’ifatwa ry’igice ca Adan Yabal hamwe n’ivyagirizo vy’uko bafashe abanyagihugu baho nk’inkinzo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG