Uko wahagera

Uburusiya Buragabisha Amerika mu Gihe Yorungikira Ukraine Misile Patriote


Misile Patriot ya Amerika itewe mu myimenyerezo ya gisirikare i Taipei, muri Taiwan
Misile Patriot ya Amerika itewe mu myimenyerezo ya gisirikare i Taipei, muri Taiwan

Uburusiya bwagabishije kuri uyu wa kane ko mu gihe Reta zunze ubumwe za Amerika yorungikira Ukraine Misile Patriote zikwozwe mu buhunga buhanitse bwo gukorora ibigandajuru vya Misile Uburusiya butera muri Ukraine bizoca vyitwa agasomborotso k’intambara.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Uburusiya bw’imigenderanire n’ayandi makungu Maria Zakharova yavuze ko ingaruka bizotera Amerika izoyemenga.

Ntiyatomoye ico Uburusiya buzokora nyezina ariko yavuze ko Amerika ikwiye kubanza kwiyumvira imbere yo kurungikira ivyo birwanisho Ukraine. Avuga ko kurungika izo misile kwa Amerika bizoba bigaragaye ko yinjiye mu ntambara.

Reta runze ubumwe za Amerika muri iyi ndwi yemereye abamenyeshamakuru ko habaye umwumvikano wo kurungika misile zo mu bwoko bwa patriote muri Ukraine zizokorora izindi misile ziraswa n’Uburusiya muri Ukraine.

Prezida Volodymyr Zelenskyy kuva kera yamye asaba abamufasha ko ari ngombwa ko yikingira ibitero vyo mu kirere vy’Uburusiya vyama vyamusamburiye inyubako zikomeye nk’ingomero z’umuyagankuba n’ivyuma bitanga amazi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG