Uko wahagera

Uburusiya Bwacucagiye Izindi Misile muri Ukraine


Abategetsi ba Ukraine batangaje ko Uburusiya bwacucagiye amamisile mu bice bitari bike vy’igihugu kuri uyu wa mbere.

Ibi bitero bishasha vyagabwe ku mazu y’abantu, amagorofa hamwe no ku nyubakwa zitanga umuyagankuba. Abategetsi ba Ukraine bavuga ko Uburusiya butumbereye gusiga igihugu kitagira umuyagankuba, amazi hamwe n’ubushuhe, muri ibi bihe vy’imbeho ishobora kwica abantu.

Ibimenyeshamakuru muri Ukraine vyatangaje ko humvikanye ibisasu biturika mu bice bitari bike vy’igihugu, mu bumanuko bw’umurwa mukuru Kiev. Ivyo bice harimwo ibisagara vya Cherkasy, Kryvyi Rih no ku kivuko c’i Odesa. Isosiyete itanga amazi yavuze ko ivyuma biyapompa vyabuze umuyagankuba.

Haruhande y’ibi bitero, televiziyo ya reta y’Uburusiya kuri uyu wa mbere yerekanye Prezida Vladimir Poutine ari ku kiraro gifatanya intara ya Crimea n’ubumanuko bw’Uburusiya. Ico kiraro cari casambuwe mu kwezi kw’icumi, na bombe Uburusiya bwavuze ko yatezwe n’umwiyahuzi.

Ibi bitero bishasha bikurikiye ingingo yafashwe n’ibihugu vyo muri G7 kuri uyu wa mbere, yo gushinga igiciro ntarengwa c’amadolari 60 ku kagunguru k’ibitoro vy’Uburusiya bica mu mabahari. Uburusiya bwavuze ko iyi ngingo ataco izokwononera ubutunzi bwabwo.

@AP, Reuters, AFP.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG