Uko wahagera

Uburusiya Bwateye Misile mu Bisagara Bitandukanye vya Ukraine


Russian missile strikes in Kyiv
Russian missile strikes in Kyiv

Ibisagara bitari bike muri Ukraine, birimwo umurwa mukuru Kiev, kuri uyu wa kane vyatewe n’Uburusiya, mu gihe imiriyoni 10 z’abanyaukraine batagira umuyagankuba.

Ukwisubiriza kw’ivyo bitero bitumbereye gusambura ingomero n’inyubako z’amasoko ntanganguvu, nkuko bishikirizwa n’abategetsi ba Ukraine.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yavuze ko igihugu ciwe cagabweko ikindi gitero c’iterabwoba n’Uburusiya.

Umuvugizi wa prezidanse y’Uburusiya, Dmitri Peskov, yemeje kuri uyu wa kane ko imibabaro abasivile barimwo muri Ukraine bayiterwa n’uko ico gihugu canse kuja ku meza y’ibiganiro.

Ibitero vya misile z’Uburusiya vyo kuri uyu wa kane vyahuriranye nuko amaneje ya mbere ariho yatangura kurwa muri Ukraine. Abategetsi mu ntara zitandukanye baragabishije ku musi wa kabiri ko indwi iza itagiye kuzoroha na gato kubera ubukanye buzoshika ku rugero rwa degre Celsius ziri munsi ya 10 (-10°C").

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG