Uko wahagera

Uburusiya Bwagavye Imvura y'Ibitero vya Misile mu Ntara Zitandukanye za Ukraine


Imyotsi iboneka mu gisagara ca Lviv, muri Ukraine, inyuma y'aho Uburusiya buganiye ibitero vya misile kw'itariki ya 15/11/2022
Imyotsi iboneka mu gisagara ca Lviv, muri Ukraine, inyuma y'aho Uburusiya buganiye ibitero vya misile kw'itariki ya 15/11/2022

Uburusiya bwagavye ibitero vy’indege kuri Ukraine kuri uyu wa kabiri. Ibitero vyatewe mu ntara 10 za Ukraine, zirimwo n’umurwa mukuru Kiev, inyuma y’aho mu ndwi iheze Ukraine yigamvye ko yigaruriye igisagara gikomeye ca Kherson.

Ivyo bitero vy’indege vyatewe Ukraine uhereye mu buseruko gushika mu burengero. Vyaguye ku nyubakwa z’amasoko ntanganguvu hamwe n’izindi nyubako zirimwo amagorofa abamwo abantu ku murwa mukuru Kiev. Umuntu umwe niwe yatangajwe ko yishwe.

Amasanamu ya videwo yafatiwe i Kiev n’umwe mu bafasha ba Prezida Volodymyr Zelensky, yerekanye inzu y’amagorofa atanu iriko irasha. Umukuru w’ico gusagara, Vitali Klitschko yavuze ko amagorofa atatu yatewe ariko ko hari zimwe muri misile z’Uburusiya zarashwe.

I Bali, muri Indoneziya, ahariko harabera inama y’ibihugu 20 bikize kuruta ibindi kw’isi, umuhanuzi mu bijanye n’umutekano muri White House, Jake Sullivan yagaye ivyo bitero vy’indege vy’Uburusiya.

Prezida Zelensky kuri uyu wa kabiri yavuze ko uguhagarika intambara burundu bizoshoboka ari uko Uburusiya bukuye abasirikare babwo muri Ukraine kandi bashobora no kugenzura ubutaka bw’igihugu cose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG