Uko wahagera

Ukraine Yigaruriye Igisagara ca Snihurivka


Bamwe mu banyagihugu bo mu ntara ya Mykolaiv
Bamwe mu banyagihugu bo mu ntara ya Mykolaiv

Ukraine yatangaje uno musi ku wa kane ko yasubiye kwigarurira igisagara ca Snihurivka kiri mu ntara ya Mykolaiv, mu bumanuko bw'igihugu. Ni co gisagara ca nyuma cari kikiri mu minwe y'Uburusiya muri iyo ntara.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’Uburusiya yatangaje ku musi wa gatatu ko inteko z’Uburusiya zariko zirava mu gisgara ca Kherson, naho abategetsi ba Ukraine berekanye amazinda ko gukura inteko zose z’Uburusiya muri ico gisagara zafashe kuva zitanguye ibitero muri Ukraine mu kwezi kwa kabiri kwariko kuraba.

Naho Uburusiya bwatangaje ko bwakuye inteko zabwo muri ako karere, abategetsi ba Ukraine bamenyesheje ko bariko baravyitondera kandi bikeka ko bishobora kuba ari umutego w’Uburusiya.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’Uburusiya, Sergei Shoigu, yabitangaje mu nama yagiranye n’abategetsi bakomeye b’igisirikare c’Uburusiya. Jenerali, Sergei Surovikin, ayoboye inteko z’Uburusiya muri Ukraine yatangaje ko ingingo y’ugukura inteko mu gisagara ca Kherson, itari yoroshe. Yamara ko yafashwe kugira ikingire ubuzima bw’inteko ziwe.

Mykhailo Podolyak, umuhanuzi wa prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yatangaje ku rubuga Twitter, ko yiteze ko zimwe mu nteko z’Uburusiya ziguma mu gisagara ca Kherson. Intambwe inteko za Ukraine zagize vyatumye zegereza bikomeye igisagara ca Kherson kiri mu bumanuko bw’igihugu. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG