Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy yavuze ko igihugu ciwe gishobora kuganira n’Uburusiya. Yabivuze imbere yuko ashikiriza ijambo abakuru b’ibihugu kw’isi, mu nama mpuzamakungu kw’ihindagurika ry’ibihe kuri uyu wa kabiri.
Prezida Zelenskyy yavuze ko yiteguye kuganira, mu gihe ariko imbibe za Ukraine zosubizwa uko zari imbere kandi mu gihe abagize ingaruka ku bitero vy’Uburusiya bahawe inshumbusho n’abakoze amabi bakabihanirwa.
Ibi prezida Zelenskyy yabivuze inyuma kandi y’aho ikimenyeshamakuru candika co muri Amerika, Washington Post, cavuze ko Amerika yipfuza ko Ukraine yerekana ubushake ku biganiro vy’amahoro. Kubw’ico kimenyeshamakuru, Amerika ivuga ko uko kwerekana ugushaka bizotuma amakungu arushiriza gushigikira Ukraine.
Umukuru w’akanama ka Ukraine kajejwe umutekano mu gihugu hagati, Oleksiy Danilov, yavuze ko ikintu nyamukuru Ukraine isaba ari ugusubizwa ubutaka bwayo bwose.
Ambasaderi wa Amerika muri ONU, Linda Thomas-Greenfield, we yavuze ko Amerika izobandanya ishigikira Ukraine. Hari mu kiganiro yagiranye na prezida wa Ukraine n’abandi bategetsi bo hejuru ku murwa mukuru Kiev kuri uyu wa kabiri.
@VOA
Facebook Forum