Uko wahagera

Abasenateri ba Amerika mu Rugendo muri Ukraine


Intumwa z'abasenateri ba Amerika mu rugendo muri Ukraine
Intumwa z'abasenateri ba Amerika mu rugendo muri Ukraine

Abasenateri babiri ba Reta zunze ubumwe za Amerika babonanye n’imiryango y’abanyagihugu ku murwa mukuru wa Ukraine. Babemereye kubandanya bahabwa imfashanyo mu gihe ibihe vy’imbeho nyinshi vyegereje.

Umusenateri w’umudemokrate, Chris Coons hamwe n’umurepuburikane, Rob Portman bemeye ko Amerika izobandanya ishigikira abenegihugu ba Ukraine. Hari igihe bariko baganira n’imiryango itakigira umuyagankuba, ihanzwe n’imbeho mu mazu kubwo kubura umuyagankuba wo gushusha amazu.

Abategetsi ba Ukraine bavuga ko ibitero vy’Uburusiya ku nyubako zitanga amasoko ntanganguvu vyasambuye ibice 40 kw’ijana vy’ivyuma bitanga umuyagankuba, bica amatara ku miryango iharurwa mu bihumbi amacumi.

Urugendo rwa senateri Coons na Portman kuri uyu wa kane rubaye hasigaye imisi iri munsi y’indwi ngo Amerika yinjire mu matora yo hagati ya manda ya prezida. Coons yavuze ko ibizova muri ayo matora vyose bitazohagarika imfashanyo Amerika iha Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG