Uko wahagera

Irani Yemeye ko Drone Yahaye Uburusiya Zakoreshejwe mu Kugaba Ibitero muri Ukraine


Bimwe mu bisigarira vya drone ya Irani yarasiwe muri Ukraine
Bimwe mu bisigarira vya drone ya Irani yarasiwe muri Ukraine

Ku ncuro ya mbere, Irani yemeye ko yarungitse utudege tw’ingwano tutagira umudereva mu Burusiya.

Umushikiranganji w’imigenderanire ya Irani n’ayandi makungu, Hossein Amir Abdollahian, yemeye ko igihugu ciwe catanze drone mu Burusiya, asigura ko " izarungitswezose zarungistwe imbere y’intambara Uburusiya bwatanguje muri Ukraine. "

Yabwiye abamenyeshamakuru I Tehran ati: “ Twatanze drone nkeya amezi make imbere y’uko intambara itangura.” Ntiyigeze atomora yamara igitigiri nyaco yemanga ko Irani yayahe Uburusiya.

Amakungu arimwo ONU yari amaze iminsi yagiriza Irani ko drone yatanze mu Burusiya, ziri mu zagavye ibitero mu bibanza bitandukanye, ndetese ziranabibomagura. Irani yo yari yakomeje kwamirira kure ivyo vyagiriji isigura ko ataho ihengamiye mu ntambara ya Ukraine n’Uburusiya. Ukraine na bimwe mu bihugu vyo mu burengero vyo yamara vyemeza ko bifise ivyemezo sindamusiga birimwo ibisigarira vy’izaguye vyaboneka neza ko zakorewe muri Irani.

Amerika na ba somambike bayo mu kanama ka ONU kajejwe umutekano bari basavye umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guteress gukora amatohoza agamije kumenya niba hari ibitero Uburusiya bwagavye ku basibvile bwifashishije drone za Irani.

XS
SM
MD
LG