Uko wahagera

Ukraine Isaba Amatohoza ku Birwanisho Irani Yoba Idandaza mu Burusiya


Bimwe mu bisigarira vy'utudege Irani itanga nk'ivyemezo
Bimwe mu bisigarira vy'utudege Irani itanga nk'ivyemezo

Ukraine yasavye abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, gukora amatohoza yimbitse ku bisigarira vy’utudege tutagira umudereva (Drones), Ukraine yemeza ko Irani yadandaje ku Burusiya.

Ukraine isigura ko Uburusiya bwakoresheje utwo tudege mu kumijagura ibisasu muri bimwe mu bisagara vyayo. Ibindi vyagiriji vya Ukraine, birimwo ko mu kudandaza utwo tudege ku Burusiya, Irani hari amategeko mpuzamakungu yahonyanze.

Ivyo vyose biri mu ikete Ukraine yarungikiye umukuru w’akanama ka ONU kajejwe umutekano. Muri iryo kete Ijwi ry’Amerika rifitiye kopi, Ukraine irabandanya igasigura ko kuva mu kwezi kwa mbere ko mu 2016, Uburusiya hari ibirwanisho bwagurira muri Irani biciye mu buryo bunyuranye n’amategeko n’ibihano amakungu yashize kuri Irani.

Irani ihakana yivuye inyuma ko ata birwanisho, canke drone yigeze iha Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG