Uko wahagera

Ukraine: Prezida Volodymr Zelensky Yashikirije Ijambo Igisirikare Ciwe


Perezida Volodymr Zelensky wa Ukraine
Perezida Volodymr Zelensky wa Ukraine

Prezida wa Ukraine, Volodymr Zelensky,uno musi ku wa mbere yashikirije ijambo igisirikare ciwe mu gisagara giherutse kubohozwa ca Kherson. Yavuze ko Ukraine yiteguriye amahoro ku banya Ukraine bose.

Urugendo rwa Prezida Zelensky mu gisagara ca Kherson rubaye imisi mikeyi inyuma y’uko inteko z’Uburusiya zikivuyemwo. Ni igisagara kiri mu bamanuko bushira ubuseruko bw’igihugu. Yaribukije abanya Ukraine mw’ijambo yashikirije ku musi w’Imana urangiye kutibagira ko umutekano utaragaruka neza mu gisagara ca Kherson. Yaribukije ko amabombe aterwa abantu agikwiragiye muri ico gisagara, asaba abantu bose bagituyemo kwama barikanuye.

Prezida Zelensky yamenyesheje ko igisirikare c’Uburusiya cakoze ivyaha bigayitse mu ntara ya Kherson nk’ivyo cakoze mu zindi ntara z’igihugu aho cashoboye kwinjira. Yavuze ko bazomenya abakoze ayo mabi kandi ko ata nkeka bazoshira imbere y’intahe abakoze ubwo bwicanyi bose.

Abategetsi ba Ukraine ku musi w’Imana urangiye baratanguye gutanga ibifungurwa, amazi n’imiti ku banyagihugu baba mu gisagara ca Kherson. Ni imisi ibiri inyuma y’uko inteko za reta zinjiye muri ico gisagara gifise akamaro gakomeye cane, Uburusiya bwari bwigaruriye mu ntango z’ibitero vyabwo muri Ukraine.

Abarenga ibice bitatu vya kane vy’abanyagihugu 300.000 baba muri ico gisagara baragihunze. Abantu 75.000 bahasigaye barakubaguwe n’inteko z’Uburusiya imbere y’uko zihava mu ndwi irangiye, inteko za Ukraine zigatangura kuhinjira. Ababa mu gisagara ca Kherson batari bake barakoraniye mu mabarara yaco mu misi mikeyi irangiye aho bari bafise amabendera y’igihugu mu birori vy’ibobozwa ryaco.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG