Uko wahagera

Ukraine Ivuga ko Idateganya Kuganira n’Uburusiya


Andriy Kostin, Umushikirizamanza  mukuru wa Ukraine
Andriy Kostin, Umushikirizamanza  mukuru wa Ukraine

Ukraine ivuga ko idateganya kuganira n’Uburusiya kugirango intambara ihere. Umushikirizamanza mukuru wa Ukraine Andriy Kostin, asigura ko ico yipfuza ari uko hashingwa sentare mpuzamakungu idasanzwe, yofasha mu guha indishi igihugu ciwe biciye mu gufata ubutunzi bw’Uburusiya.

Ivy’uko Ukraine itipfuza kuganira n’Uburusiya kugira intambara iri hagati y’ivyo bihugu bibiri ihere, Andriy Kostin yabibwiye iradiyo y’Abongereza, BBC, mu kiganiro cihariye. Yasiguye ko Uburusiya bubwirizwa kwishura ivyo bwononye vyose.

Yahakanye iciyumviro c’uko abanyagihugu bo hirya n’ino kw’isi bibakorako agira ati: “ Nta misile bumva. Ivyo guterwa amabombe ntavyo bazi. Ivyo kwicwa, gufatwa ku nguvu, gusahurwa ntubabaze."

Ico yemeye, ni uko kuva Uburusiya butera Ukraine, ababa mu bindi bihugu “bariha amafaranga menshi ku bitoro n’ibiribwa”, ariko akagwa akagaruka agira ati: “abanyagihugu ba Ukraine bo bariha ubuzima bwabo.”

Umushikirizamanza mukuru wa Ukraine yashimangiye ko ibimenyetso vy’abana n’abagore bahohoterwa biri muri buri karere na buri gisagara vy’igihugu ciwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG