Uko wahagera

Ibitero vy'Uburusiya muri Ukraine Vyatumye Amazi n'Umuyagankuba Bicika


Inyubakwa itagiramwo amatara

Abategetsi ba Ukraine bariko barakora kugira basubire kugarukana umuyagankuba n'amazi mu bisagara bikomeye birimwo umurwa mukuru, Kiev. Ni umusi umwe inyuma y'uko Uburusiya bukoze ibindi bitero bukoresheje indege z'ingwano ku bibanza bitari ivya gisirikare.

Umukuru w’umurwa mukuru, Kiev, Vilati Klitschko, yatangaje ko ibice 70 kw’ijana vy’umurwa mukuru ata muyagankuba vyari bifise mu gitondo c’uno musi ku wa kane. Yamenyesheje ko abahinga mu vyerekeye amasoko ntanganguvu bakoze ijoro ryose kugira bagarukane umuyagankuba n’amazi.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Ukarine, Dmytro Kuleba, mu butumwa kuri Twitter, uno musi ku wa kane yatangaje ko Uburusiya buriko bukora ibitero vy’ubunyamaswa ku basivile ataco bazira.

Ivyatangajwe na Kuleba bibaye inyuma y’uko prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, aserutse kuri videwo mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu imbere y’ishirahamwe ONU rijejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi aho yavuze ko ibibombe vyo mu bwoko bwa misile vy’Uburusiya vyatewe ku bitaro, amashure ibibanza bikoreshwa mu gutwara abantu n’ibintu hamwe n’ibibanza bibamwo abasivire. Zelensky yavuze ko Ukraine irindiye ko amakungu yishura mu buryo bukomeye cane.

Ambasaderi w’Uburusiya mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Vasily Nebenzya, yateye ivyatsi ivyo yise iterabwoba rya Ukraine n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi bishigikiye ico gihugu. Ibitero vy’indege z’ingwano z’Uburusiya ku musi wa gatatu vyatumye umuyagankuba ucika mu bisagara bitari bike vya Ukraine, harimwo umurwa mukuru, Kiev, aho abategetsi batangaje ko bombe yishe abantu 3.

Mu gihe ibitero vy’Uburusiya mu bibanza vy’igisivile bibandanya, Reta zunze ubumwe za Amerika yatangaje ko yarungikiye Ukraine ibindi birwanisho n’imoteri zitanga umuyagankuba vy’agaciro k’imiliyoni 400 y’amadolari. Gushika ubu Amerika imaze guha Ukraine imfashanyo y’amafranga arenga imiliyaridi 19 y’amadolari mu kiringo c’amezi icenda ingwano imaze muri ico gihugu. (VOA News).

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG