Uko wahagera

Kongo Ivuga ko Abasivile Bishwe na M23 Bageze kuri 272

Abakuwe mu ngo zabo n'intambara i Goma, mu buseruko bwa Kongo, kw'itariki ya 15/11/2022
Abakuwe mu ngo zabo n'intambara i Goma, mu buseruko bwa Kongo, kw'itariki ya 15/11/2022

Repuburika ya demokarasi ya Kongo ivuga ko igitigiri c’abasivile bapfiriye mu bwicanyi yise ko bwakozwe n’abarobeli ba M23 vyaduze gushika ku 272.

Iyongerekana ry’ico gitigiri ryatangajwe n’umushikiranganji w’amahinguriro, Julien Paluku, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere i Kinshasa.

Igisirikare ca Kongo mu ndwi iheze cagirije umuhari M23, kwica abasivile hafi 50 mu gisagara ca Kishishe muri Kivu y’uburaruko. Reta mu nyuma yaciye yongereza igitigiri ku barenga 100. Ariko Paluku yavuze ko ibiharuro bitangwa n’imihari yo mu karere vyababa 300.

Umuvugizi wa M23, Lawrence Kanyuka, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko uwo muhari Utica abasivile. Yagiriza ubwo bwicanyi igisirikare ca Kongo ku kuba caciye kubiri n’amasezerano yo kuwa 23 z’ukwa cumi na kumwe. Ariko M23 yavuze ko amasasu yiyerereza yishe abasivile umunani.

Kongo yagiriza u Rwanda gushigikira M23, ariko narwo rurabihakana.

Umushikiranganji wa Amerika w’imigenderanire, Antony Blinken ku musi wa mbere yasavye prezida w’u Rwanda Paul Kagame guhagarika gushigikira M23 aca asaba impande zose kwubahiriza ivyavuye mu biganiro vyo muri Angola.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG