Uko wahagera

RDC: Reta Yagiriza M23 Kwica Abasivile 50 mu Buseruko bw'Igihugu


Abanyagihugu bariko barahunga imirwano mu buseruko bwa Repuburika ya demokarasi ya Kongo
Abanyagihugu bariko barahunga imirwano mu buseruko bwa Repuburika ya demokarasi ya Kongo

Igisirikare ca Repuburika ya demokarasi ya Kongo kuri uyu wa kane cavuze ko abarobeli ba M23 hamwe n’abo bafashanya bishe abasivile 50 muri iyi ndwi, mu gisagara ca Kishishe kiri mu buseruko bw’igihugu. Ariko umuvugizi wa M23 muvya poritike, Lawrence Kanyuka, avuga ko umuhari wabo wamiriye kure ivyo vyagiriji bitagira urufatiro. Yavuze ko M23 yibukije amakungu hamwe n’abakongomani ko itigeze yica abasivile.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’umudiporomate muri Ambasade ya Amerika i Kinshasa nabo bavuze ko bafise amakuru y’abasivile bishwe ku musi wa kabiri i Kishishe, mu ntara ya Kivu y’uburaruko. Ariko ntibatanze amakuru arenze ayo. Bose basaba ko hakorwa amatohoza.

Umuvugizi w’umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yavuze ko ONU yaronse amakuru y’ihungabanywa ry’agateka ka muntu mu gutana mu mitwe kwabaye hagati ya M23 n’imihari y’abenegihugu bitwaje ibirwanisho muri Kishishe. ONU yavuze ko hapfuye abasivile benshi.

Haruhande y’aya makuru, mu gatondo ko kuri uyu wa kane, ibihumbi vy’abanyagihugu bazindukiye mu mabarabara mu bisagara vya Goma na Bukavu, mu buseruko bw’igihugu, biyamiriza umutekano muke urangwa muri ako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG