Uko wahagera

Abasirikare ba Etiyopiya Bagirizwa Kwica Imbohe zo mu Ntambara 83


Abarobeli bo muri Tigreya mu mabarabara yo ku murwa mukuru Mekele, wa Tigreya, mu buraruko bwa Etiyopiya

Raporo yasohowe kuri uyu wa mbere, ivuga ko abasirikare ba Etiyopiya hamwe n’abanyagihugu bishe bunyamaswa abanyororo 83 b’abanyatigreya mw’ikambi yo mu bumanuko bwa Etiyopiya. Iyo raporo ivuga ko bwabaye ubwicanyi buteye isoni bwakorewe abasirikare bafatiwe ku rugamba kuva intambara yo muri Tigreya itangura, haraheze imyaka ibiri.

Ikimenyeshamakuru candika co muri Amerika, The Washington Post, cavuze ko ubwo bwicanyi bwabaye kw’itariki ya 21 y’ukwezi kwa cumi na kumwe, 2021 mw’ikambi ya gisirikare iri hafi y’igisagara Mirab Abaya. Iyo kambi yari ifungiwemwo abarwanyi b’abanyatigreya barenga 2,000 bafatiwe ku rugamba.

Ababibonye babwiye ico kimenyeshamakuru ko abasirikare bari hagati ya 16 na 18 bacucagiye amasasu kuri izo mbohe, bituma zimwe zihungira mw’ishamba no mu mihana y’abanyagihugu iryegereye. Kivuga kandi ko abanyagihugu hakubanyegeza baciye babahukamwo n’inkoni, babatera amabuye abandi babatemagura n’imipanga.

Ubwo bwicanyi bwabaye igihe abarwanyi b’abanyatigreya bariko begereza umurwa mukuru wa Etiyopiya, Addis Abeba.

Intambara hagati y’abasirikare ba reta ya Etiyopiya hamwe n’abarwanyi bo mu ntara ya Tigre yatanguye mu kwezi kwa cumi na kumwe 2020. Izo mpande zibiri ubu ziriko zirakora kugira amasezerano yo guhagarika intambara yasinywe atangure gushirwa mu ngiro.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG