Uko wahagera

Izindi Mfashanyo Zashitse mu Ntara ya Tigreya


Ikamyo ya PAM ivuye mu micungararo ya Semera, mu ntara ya Afar, muri Etiyopiya.
Ikamyo ya PAM ivuye mu micungararo ya Semera, mu ntara ya Afar, muri Etiyopiya.

Izindi mfashanyo mpuzamakungu ziriko zirashika mu ntara ya Tigreya iri mu buraruko bwa Etiyopiya, inyuma y’aho impande zirwana zisinyiye amasezerano yo guhagarika intambara.

Igisata ca ONU citaho ibifungurwa, PAM, cavuze kuri uyu wa gatatu ko amakamyo yaco yashitse muri Tigreya aciye mu gisagara ca Gondor, co mu ntara ya Amhara, mu gice c’ubumanuko.

PAM yavuze ko ibindi bifungurwa, n’amakamyo y’imiti bigiye gukurikira biciye mu nzira zose zuguruye zigana mu ntara ya Tigreya.

Aya makuru aje inyuma y’umusi umwe ikamyo zibiri z’ibikoresho vyo kwa muganga n’imiti z’ishirahamwe mpuzamakungu ritabara imbabare, Croix Rouge, zishikiye i Mekelle, ku murwa mukuru w’intara ya Tigreya.

Mu myaka ibiri iyo ntara yo mu buraruko imaze mu ntambara, abantu bagereranywa n’imiriyoni 2.5 baramaze guhunga ingo zabo. Abaharurwa mu mamiriyoni barakenye ibifungurwa hamwe n’ivya nkenerwa mu kubaho kwa misi yose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG