Uko wahagera

Etiyopiya Yemeza ko Igenzura Ibice 70% vy'Intara ya Tigreya


Abasirikare ba Etiyopiya
Abasirikare ba Etiyopiya

Uwuyoboye abandi ku ruhande rwa Reta ya Etiyopiya mu biganiro vy'amahoro bibandanya hagati yayo n'abaserukira intara ya Tigreya, yemeje uno musi ku wa gatanu, ko igisirikare ca reta kigenzura muri iki gihe ibice 70 kw'ijana vy'iyo ntara, kandi ko imfashanyo zasubiye gutwangwa muri iyo ntara.

Yamara iyo nkuru ntiyemejwe buno nyene n’abakozi b’amashirahamwe y’abagiraneza canke abavugizi be reta y’intara ya Tigreya. Redwan Hussein, umuhanuzi w’umushikiranganji wa mbere wa Etiyopia ku bibazo vyerekeye umutekano yatanze iyo nkuru ku rubuga Twitter mu gihe ibiganiro hagati ya Reta ya Etiyopiya n’abaserukira intara ya Tigreya bibandanya mu gihugu ca Kenya. Ni mu gihe kandi Reta zunze ubumwe z’Amerika zaremeye Etiyopiya kugira ihe idatevye imfashanyo n’izindi serivisi ngenderwako abanyagihugu bo mu ntara ya Tigreya.

Amasezerano y’amahoro yashitsweko mu ndwi iheze hagati ya Reta ya Etiyopiya n’abaserukira intara ya Tigreya atangaza ko Etiyopiya izokwihutisha igikorwa c’uguha imfashanyo abanyagihugu barenga imiliyoni 5 baba mu ntara ya Tigreya, aho ibifungurwa n’imiti biri ku rugero ruri hasi cane.

Umuvugizi w’umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Redwan Hussein, yatangaje ko amakamyo 35 y’ibifungurwa n’atatu y’imiti yashitse mu gisagara ca

Shire kiri mu burarurko bushira uburengero bw’igihugu. Inteko za Reta ya Etiyipiya n’abo bicuditse bafashe ico gisagara mu kwezi guheze. Hari imbere y’amasezerano y’uguhagarika burundu ingwano yashitsweko mu ndwi irangiye.

Redwan avuga ko imfashanyo iriko iratwangwa kurusha mu bindi bihe vy’imbere yaho. Yamenyesheje ko servisi zindi nka interneti n’amabanki vyasubiye gukora co kimwe n’uruja n’uruza rw’indege. Yamara umutegetsi ayoboye abajejwe ibiganiro ku ruhande rw’intara ya Tigreya, Gatechew Reda, ntiyishuye buno nyene igihe itororokanirizo ry’amakuru ry’abanyamerika, Associated Press, ryamusaba kugira ico avuga ku vyatangajwe n’uwuvugira Reta ya Etiyopiya. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG