Uko wahagera

OMS Isaba ko Intara ya Tigreya Ironswa Vyihuta Ibifungurwa n'Imiti


Umuyobozi mukuru wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, ryateye akamo kuri uyu wa gatatu, risaba ko ibifungurwa n’imiti vyinjizwa ku bwinshi mu ntara ya Tigre, muri Etiyopiya. OMS ivuga ko izo mfashanyo zitaremererwa kwinjira muri iyo ntara, inyuma y’amasezerano yo guhagarika intambara yasinywe mu ndwi iheze.

Kubwa OMS, abanyagihugu muri Tigreya bakeneye imfashanyo zihuta, inyuma y’imyaka ibiri bamaze mu ntambara kandi n’abagiraneza barabujijwe kwinjira muri iyo ntara.

Intambara hagati y’inteko za reta n’abarobeli muri Tigreya yatumye iyo ntara yo mu buraruko bwa Etiyopiya yinjira mu nzara n’ubukene bw’imiti.

Umuyobozi wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yakiriye neza ayo masezerano yo kw’itariki 2 z’ukwezi kwa cumi na kabiri. Ariko aragabisha ko haheze indwi asinywe gushika ubu ata kirakorwa mu gutanga imfashanyo z’ibifungurwa n’imiti.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG