Uko wahagera

Ibiganiro vy'Abashamiranye muri Etiyopiya Vyongewe Ikiringo


Bamwe mu bari mu biganiro
Bamwe mu bari mu biganiro

Ikiringo c'ibiganiro hagati y'impande zitana mu mitwe mu ntambara ibera mu ntara ya Tigreya mu burarurko bwa Etiyopiya congerejwe gushika uno musi ku wa mbere muri Afrika y'epfo.

Ibiganiro birabandanya muri Afrika y’epfo hagati ya Reta ya Etiyopiya n’abaserukira intara ya Tigreya, nk’uko bitangazwa n’umutegetsi azi ukugene izo mpande zumvikanye ku vyerekeye ivyo biganiro.

Ibiganiro hagati y’izo mpande, bihagarariwe n’umuryango w’ubumwe bw’Afrika, birondera ko haba agahengwe mu ngwano Reta zunze ubumwe z’Amerika zivuga ko yahitanye abantu bagera ku bihumbi amajana n’amajana. Igitigiri cashikirijwe na bamwe mu ncabwenge n’abakozi bo mu gisata c’ubuvuzi.

Ibiganiro vy’amahoro vya mbere hagati y’impande zitana mu mitwe vyatanguye mun ndwi iheze muri Afrika y’epfo. Reta y’ico gihugu yari yamenyesheje ko vyari kurangira ejo ku musi w’imana.

Igihugu ca Eritreya, inteko zaco ziriko zirwana ku ruhande rwa reta ya Etiyooiya, ntikiri mu biganiro biriko bibera muri Afrika y’epfo. Ivy’uko ico gihugu kizokwubahiriza amasezerano ayariyo yose azoshikwako ntibitomoye.

Abakwirikirana ibibera mu ntara ya Tigreya babwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika, Associated Press, ko inteko za Eritreya zabandanije kwica abasivile n’inyuma y’uko ibiganiro hagati ya Reta ya Etiyopiya n’abaserurkira intara ya Tigreya bitanguye muri Afrika y’epfo. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG