Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yavuze kuri uyu wa kane ko bishoboka ko haba ukuganira na prezida w’Uburusiya Vladimir Poutine kugira harabwe ko intambara yo muri Ukraine ihagarara. Ariko yavuze ko ari ngombwa ko Prezida Poutine yerekana ubushake.
Kubwa Prezida Biden, we ariteguye kuvugana nawe ariko gusa biciye mu kubanza kuvugana n’abo basangiye ishirahamwe OTAN. Ibi yabivugiye mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, muri White House, inyuma yo kumara amasaha atari make mu mubonano na prezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron kuri Ukraine n’ibindi bibazo.
Avuga ko ata mugambi afise wenyene wo kuvugana na Prezida Poutine ubu bwa vuba, ariko kandi ko inzira rudende yo kurangiza intambara ari uko Uburusiya bukura abasirikare muri Ukraine.
Prezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron yavuze ko adakekeranya, Amerika izobandanya gushigikira Ukraine mu buryo bwa gisirikare no mu guha imfashanyo abanyagihugu.
Urugendo rwa Prezida Macron ni rwo rwa mbere rukozwe n’umukuru w’igihugu mvamakungu ku butegetsi bwa Prezida Biden.
@AP, AFP-Reuters.
Facebook Forum