Uko wahagera

Afurika y'Epfo: Sentare Yategetse ko Jacob Zuma Asubira mu Munyororo


Jacob Zuma yahoze ari Perezida w'Afurika y'Epfo

Sentare yungururizwamwo imanza muri Afrika y'epfo yategetse uno musi ku wa mbere ko Jacob Zuma yahoze ari prezida w'ico gihugu asubira mu munyororo.

Iyo sentare yategetse ko Zuma, yari yarangije icese igihano c’ugupfungwa amezi 15 kubera yakengeye sentare, asubira mu munyororo, inyuma y’uko irekurwa ryiwe mu mwaka uheze bifatiye ku magara yiwe vyari biciye kubiri n’amategeko.

Jacob Zuma afise imyaka 80 muri iki gihe, yagiwe mu kwezi kwa gatandatu, umwaka w’i 2021 n’icaha co kwanka kwitaba umurwi ujejewe amatohoza kuri ruswa, igihe yari ku butegetsi bwiwe muri Afrika y’epfo hagati y’umwaka w’i 2009 n’uw’i 2018.

Ipfungwa ryiwe mu kwezi kwakwirikiye ryatumye haba uruhagarara n’ugusahura vyahitanye abantu 350. Amezi abiri inyuma y'aho, yararekuwe bifatiye ku mpamvu z’amagara yiwe.

Sentare yungururizwamwo imanza ibona ko irekurwa rya Zuma ryari riciye kubiri n’amategeko. Abahinga mu vyerekeye amagara y’abantu bari babonye ko Zuma atari akwije ibisabwa kugira arekurwe. Yamara umukuru w’ibohero yari apfungiwemwo yaramurekuye inyuma y’uko yihojeje impanuro z’umurwi w’abajejwe ubuvuzi mw’ibohero yarimwo.

Sentare yungururizwamwo imanza imenyesha ko umukuru w’ibohero Zuma yari apfungiwemwo ata mpamvu yari afise y’ukwihoza ivyashikirijwe n’umurwi w’abajejwe ubuvuzi muri iryo bohero. Iyo sentare itangaza ko hisunzwe amategeko, Zuma atarangije ikiringo ciwe c’umunyororo w’amezi 15 yari yaciriwe. Kubera izo mvo, imenyesha ko ategerezwa gusubira mu munyororo mw’ibohero ryo mu ntara ya KwaZulu-Natal.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG