Uko wahagera

Sentare ya Afurika y'Epfo Yateye Ivyatsi Ubusabe bwa Zuma


Jacob Zuma yahoze ari Prezida wa Afurika y'Epfo
Jacob Zuma yahoze ari Prezida wa Afurika y'Epfo

Sentare yo muri Afrika y’Epfo yateye ivyatsi urubanza rwashinzwe n’uwahoze atwara ico gihugu, Jacob Zuma, yasaba ko umushingamanza akurwa mu rubanza rwiwe.

Abashingwamanza ba Zuma bari bagerageje kwunguruza urubanza ku ngingo ya sentare, yari yiyamirije utwigoro twiwe two kuvana uyo mushikirizamanza mu rubanza rumwagiriza kurya ruswa n’ibiturire.

Uyu musi wa gatatu, umucamanza wo muri sentare yungururizwamwo imanza, Piet Koen, yavuze ko utwigoro twa Zuma two gusaba ko uyo mushingamanza akurwa mu rubanza rwiwe, tutagira ifatiro.

Zuma yagirije uyo mushingamanza Billy Downer ko amufitiye urwanko, mu gihe abashingwamanza biwe nabo, bagirije Downer ko yamenye ibanga, mu guha abamenyeshamakuru amakuru ajanye n’urubanza rwa Zuma.

Bamwagirije kandi ko yari icabona mu rundi rubanza rwari rwashinzwe n’umugambwe utavuga rumwe na reta, witwa Democratic Alliance.

Jacob Zuma yatwaye Afrika y’epfo kuva mu mwaka 2009 gushika mu 2018, imbere y’uko umugambwe wiwe, ANC, umukura kubera ibirego vya ruswa n’ibiturire yagirijwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG