Uko wahagera

Urubanza rwa Zuma Yahoze ari Prezida wa Afurika y'Epfo Rwasivye


Jacob Zuma Yahoze ari Prezida wa Afurika y'Epfo
Jacob Zuma Yahoze ari Prezida wa Afurika y'Epfo

Sentare muri Afrika y'epfo yasibishije urubanza Jacob Zuma yahoze ari Prezida wa Afrika y'epfo yari yunguruje aho yasaba ko umushikirizamanza, Billy Downer, akurwa mu rubanza rwiwe.

Billy Downer, ni we mushikirizamanza mukuru mu rubanza rwerekeye ruswa Zuma yagirizwamwo ku bijanye n’amasezerano y’ibirwanisho vy’agaciro k’imiliyaridi 2 y’amadolari. Ni vyo Afrika y’epfo yaguriye mu mahanga mu myaka yo mu 1990.

Umucamanza ajejwe iyo dosiye yatangaje uno musi ku wa mbere ko urwo rubanza rwigijweyo gushika hagati mu kwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka. Mu kwezi kw’icumi mu mwaka uheze w’i 2021, umucamanza wa sentare nkuru yo mu gisagara ca Pietermaritzburg, Piet Koen, yarahakanye ivyari vyasabwe na Zuma vy’uko umushikirizamanza, Billy Downer akurwa mu rubanza rwiwe inyuma y’uko amwagirije ko ahengamye.

Zuma, yirukanywe mu mugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y’epfo, ANC, mu mwaka w’i 2018, yarahakanye ivyaha yagirizwa vya ruswa ku masezerano yerekeye ibirwanisho yo mu myaka y’i 1990. Amenyesha ko ariko akwirikiranwa ku mpamvu za politike. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG