Uko wahagera

Urubanza rwa Jacob Zuma Rwongeye Kwegezwa Inyuma


Jacob Zuma Yahoze ari Prezida wa Afurika y'Epfo
Jacob Zuma Yahoze ari Prezida wa Afurika y'Epfo

Sentare muri Afrika y'epfo uno musi ku wa mbere yafashe ingingo y'ukwigizayo mu kindi kiringo urubanza rwa Jacob Zuma yahoze ari prezida w’ico gihugu.

Jacob Zuma, yakuwe mu mabanga y’umukuru w’igihugu mu mwaka w’i 2018, inyuma yuko amaze imyaka 9 ayoboye Afrika y’epfo. Yarahakanye ivyaha vya ruswa yagirijwe ku bijanye n’amasezeranao yari yerekeye kugura ibirwanisho mu mahanga vy'agaciro k'imiliyaridid 2 y'amadolari mu myaka y'i 1990.

Avuga ko umushingwamanza mukuru ahengamye. Yamara sentare nkuru hamwe na sentare yungururizwamwo imanza zariyamirije gushika ubu utwigoro twiwe tw’ugutuma umushikirizamanza mukuru ahindurwa.

Piet Koen, umucamanza wa sentare nkuru yo mu gisagara ca Pietermaritzburg, yigijeyo urubanza rwiwe, uno musi ku wa mbere, gushika kw’itariki 17 y’ukwezi kwa gatanu. Ni mu ntumbero yo kurekurira sentare yungururizwamwo imanza kwihweza ivyasabwe na Jacob Zuma mu ndwi irangiye.

Zuma ntiyari muri sentare uno musi ku wa mbere kwumviriza ingingo y’umucamanza. Umuvugizi w’ishirahamwe ryiwe, “Jacob Zuma Foundation”, yatangarije abamenyeshamakuru ko yari afise ikibazo kijanye n’amagara yiwe. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG