Uko wahagera

Ibihugu vya G7 Bisaba ONU Guhana Koreya ya Ruguru


Reta ya Koreya ya ruguru yerekana igerageza ryo gutera misile ku kibuga c'indege mpuzamakungu i Pyongyang, Koreya ya ruguru, kw'itariki ya 18/11/2022
Reta ya Koreya ya ruguru yerekana igerageza ryo gutera misile ku kibuga c'indege mpuzamakungu i Pyongyang, Koreya ya ruguru, kw'itariki ya 18/11/2022

Ibihugu bikize kuruta ibindi kw’isi, bihurikiye mu murwi G-7 vyavuze kuri uyu w’Imana ko akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi gakwiye guhaguruka kagafata ingingo ruhasha kuri Koreya ya ruguru. Abashikiranganji b’imigenderanire n’amakungu b’ivyo bihugu babivuze, inyuma y’aho ico gihugu kirungikiye mu kirere ku musi wa gatanu, misile igenda ikirere kirekire, yo mu bwoko bwa Balistike.

Akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano karakorana kuri uyu wa mbere ku kibazo ca Koreya ya ruguru. Uyu mubonano wasabwe na Reta zunze ubumwe za Amerika.

Koreya ya ruguru yagerageje ku musi wa gatanu misile ishobora gushika ku butaka bwa Amerika, inyuma yo kugabisha Amerika ko ishobora gutanga inyishu ya gisirikare kubera ifise inteko muri ako karere.

Ibihugu vyo muri G-7 vyavuze ko iri gerageza rya misile ryo ku musi wa gatanu ari ukundi guca kubiri n’amategeko ya ONU.

@Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG