Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Yateye Misile Hafi ya Koreya y'Epfo


Koreya y’epfo yavuze ko Koreya ya ruguru yateye misile yo mu bwoko bwa balistike iyerekeza mu mazi yayo yo mu gace k’ubuseruko.

Umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto muri Koreya y’epfo, avuga ko iyo misile yatewe mu mutwenzi wo kuri uyu wa gatanu ariko nta makuru arenze ayo yatanze.

Uyo mutegetsi mu gisirikare yavuze kandi ko Koreya ya ruguru yaguruye indege mw’ijoro ryo kwa kane no mu gatondo kuri uyu wa gatanu, hafi y’urubibe ivyo bihugu bipfa. Ibi vyatumye Koreya y’epfo nayo irungika mu kirere indege z’intambara.

Igisirikare ca Koreya ya ruguru casohoye itangazo ryagiriza Koreya y’epfo kurasa ibisasu hafi amasaha 10 hafi y’urubibe ku musi wa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG