Uko wahagera

Amerika Yagiriza Koreya ya Ruguru Kugurisha Ibirwanisho mu Mpisho mu Burusiya


Isanamu yaciye kuri televiziyo KRT yo muri Koreya ya ruguru kw'itariki ya 26/04/2017 yerekana imyimenyerezo ya gisirikare.
Isanamu yaciye kuri televiziyo KRT yo muri Koreya ya ruguru kw'itariki ya 26/04/2017 yerekana imyimenyerezo ya gisirikare.

Prezidanse ya Reta zunze ubumwe za Amerika, White House, yagirije Koreya ya ruguru kurungika ibirwanisho mu Burusiya gufasha mu ntambara muri Ukraine.

Umuvugizi w’akanama k’igihugu kajejwe umutekano, John Kirby yavuze kuri uyu wa gatatu ko Amerika yibaza ko Koreya ya ruguru iriko iragerageza kwihisha mu kwerekana ko ibirungitse mu karere ko mu buseruko bwo hagati canke muri Afrika. Ariko yanse gutanga igitigiri nyezina c’ivyo birwanisho vyarungikiwe Uburusiya.

Kirby yavuze ko Amerika ikibandanya ikurikiranira hagufi nimba ivyo birwanisho vyakiriwe n’Uburusiya. Yongeyeko ko Amerika yibaza ko izi igihugu canke ibihugu ivyo birwanisho vyaciyemwo ariko naho nyene yanse kubitangira umuco.

Kirby yatangaje kandi ko ibi birwanisho Koreya ya ruguru yarungitse mu Burusiya ataco bizohindura ku rubuga rw’intambara kuko ibihugu vyo mu burengero navyo biriko vyiyumvira kurungikira Ukraine ibirwanisho vya gisirikare.

Ibi bitangajwe inyuma y’aho reta ya Prezida Joe Biden mu kwezi kwa gatandatu ivugiye ko igisirikare c’Uburusiya cakiriye indege za drone amajana zakorewe muri Irani zo gukoresha ku rubuga rw’intembara muri Ukraine.

@AP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG