Uko wahagera

Ekwateri Yatsinze Bibiri ku Busa Katari


Enner Valencia yinjije ibitero bibiri vyose vya Ekwateri
Enner Valencia yinjije ibitero bibiri vyose vya Ekwateri

Inkino z’igikombe c’isi mu mupira w’amaguru zatanguye uno munsi ku wa Mungu muri Katari. Umukino wa mbere w’irushanwa waheze, ikipi ya Ekwateri itsinze iya Katari ibitsindo bibiri ku busa. Ibitsindo vya Ekwateri vyinjijwe na kabuhariwe Enner Valencia.

Ejo ku musi wa mbere, biteganijwe ko Ubwongereza bukina na Irani, Senegali igakina n'Ubuholande, Amerika nayo ikazokina na Pays de galles.

Mu bategetsi bitabiriye ibirori vyugurura izo nkino, harimwo umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, prezida w’u Rwanda Paul Kagame, uwa Alijeriya Abdelmadjid Tebboune, uwa Misiri Abdel Fattah el-Sissi, uwa Senegali Macky Sall, n’uwa Palestina Mahmoud Abbas.

Ni ubwa mbere inkino z’igikombe c’isi mu mupira w’amaguru zibereye mu gihugu kirwiriyemwo aba Isilamu. Umurwi w’intagonwa ziyitirira idini rya Isilamu, mw’itangazo wasohoye wanebaguye Katari yakiriye iyo mikino, uvuga ko “ Witabiriwe n’abarimwo abahuza ibitsina babisangiye, abarya ibiturire, n’abatemera Imana.”

Imikino yatanguye uno munsi ku wa Mungu izohera igenekerezo rya 2 z’ukwezi kuza kwa 18.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG